🔴 Woba ucibuka ivyo Abarundi bari biteze kuri Prezida Ndayishimiye umusi arahira ?
Ubutumwa twabahaye kuri runo rubuga mu gatondo ko ku wa 18.6.2020 bwatangura gutya :
"Igihe cose hatanguye intwaro nshasha, abarundi bama bitega kworoherwa. Eka no mu bindi bihugu niko bigenda. Ariko intwaro nka zose zama zirangira abanyagihugu barushe cane. Hari umuhinga yavyihweje aca agira ati : iyo umuntu yinjiye mu butegetsi aba afise kazoza keza cane imbere yiwe, iyo abusohotsemwo naho usanga afise kahise kabi cane kamuremereye".
Ico twasavye abakurikira runo rubuga kwari kwandika ivyo babona Umukuru w'igihugu mushasha yokwihutira gukosora. Ivyiyumviro bitanu vyagarutse kenshi yari :
1. Kugarukana impunzi, abanyapolitike bari hanze n'abaharanira agateka ka muntu.
2. Kurekura abapfungiwe politike no kugarukira ubutungane.
3. Gukura ibirwanisho mu mbonerakure, kunganisha imigambwe no kudafata abatavuga rumwe n'ubutegetsi nk'abansi. Benshi bamusavye ko yotwara nka Mandela.
4. Kugarukira imigenderanire y'Uburundi n'amakungu ikaba myiza. Aha mwokwibuka ko yari asubiriye Umukuru w'Igihugu yari amaze imyaka 5 adasohoka igihugu.
5. Guha akazi urwaruka, kugwanya ubushomeri.
🔴 Uyu musi imyaka itandatu irarumanye Prezida Ndayishimiye ari ku butegetsi. Mwoba mubona vya vyipfuzo vy'abarundi vyararonse inyishu ?
1. Ikintu cambere washimye yobandanya akomeza ni ikihe ?
2. Ikintu cambere wagaye yokosora ni ikihe ?
3. Igisata cibagiwe yokwitwararika ni ikihe ?
Muri iyi misi tuzogaruka kuri bimwe mu vyaranze imyaka itandatu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi.