🔴
#Mbariza : Ndafise akabazo nshaka kwibariza Chris Ndikumana.
"Uyu mukozi w'Imana ndamufata ko ari Ingabire ikomeye Uburundi bufise mu gihe cacu. Aratangaje. Umuntu akoranya abantu bangana ukuraho akaba adakeneye kubagira abiwe, ahubwo akabasaba kuguma mu masengero yabo, ntabatoze amashikanwa, ntarondere amapete n'amazina amugira uwudusanzwe, akaguma aciye bugufi ukuraho, ntibisanzwe.
Ijambo Chris Ndikumana avuze risigaye rigira ingaruka ku bantu benshi. None rigeze aho abanyapolitike, canecane abatwara Igihugu, baryiyitirira. Rimwe mu majambo Chris Ndikumana yigishije cane ni "UKUTIDODOMBA". Nivyo ni ijambo rikomeye mu bijanye no kwizera Imana. Nkuko umucanwa n'amazi bitavangwa, niko kwizera no gukekeranya bitabana, kwizera no KWIDODOMBA bitajana.
🔴 Abatwara bariko barahindukiza inyigisho ijanye no kutidodomba !
Kubera iyi nyigisho ya Chris Ndikumana yafashe ikibanza, uza wumva Prezida Ndayishimiye n'umukenyezi wiwe bamiza mu kanwa ngo kirazira KWIDODOMBA. Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye mu kiganiro yahaye abanyamakuru n'abanyagihugu muri ino ndwi nawe nyene mw'ijjambo ry'intangamarara yarabujije KWIDODOMBA. Aha rero ibintu bica bigorana iyo abakuru bo muri politike batanguye kwishirako amajambo y'Imana, mbere ugasanga bo nyene basa n'abiha ikibanza c'Imana.
Iyo numvirije Prezida Ndayishimiye, igice kinini c'ijambo ryiwe nama numva kigizwe n'imyidogo.
Ndayishimiye yidodombera abo bakorana bose avuga ko ataco bamaze.
▪️Yidodombera abatwaye imbere yiwe avuga ko ataco bakoze.
▪️Yidodombera abatavuga rumwe n'intwaro yiwe yita abansi b'igihugu.
▪️Yidodombera ibidogiteri avuga ko vyize bica biba ibijuju.
▪️Yidodombera abarwizatunga bamusaba amafaranga mvamakungu ngo kandi bazi ko ataho ayakura.
▪️Yidodombera Abarundi bamusaba igitoro kandi ataco yimbura.
▪️Yidodombera abimba ubutare bakabujana mu bihugu bibanyi.
▪️Yidodombera abaganga bahereye hanze kubera bahembwa nabi mu Burundi.
▪️Yidodombera ba Pacifique bahoze bafungura we agwaye kwashi, yidodombera ba Faustin Ndikumana bamubwira ivyo akwiye gukora ngo bo batararongora, yidodombera ba Esdras Ndikumana kubera amakuru batanga kuri RFI.
▪️Yidodombera abavuga ko hari ibitagenze neza mu matora aherutse muri 2025.
▪️Yidodombera abamuhaye utwokurya dukeeeeya mu rugendo yarimwo mu Buswisi, yidodombera akavoka yaguze amadorari 50 muri Amerika, yidodombera abanywa Ruinart n'imivinyu yo hanze kandi we yinywera insongo ngo ataze amezi atandatu.
▪️Yidodombera abavuga ko igisoda c'u Rwanda gikomeye.
▪️Yidodombera Abarundi bose ngo ni ibinebwe, ngo ivyo bamusaba nibavyironderere. Yidodombera abavuga ko ubuzima buzimvye kandi we ibigega vyuzuye. Yidodombera Abarundi batazi kurya ibifyera.
▪️Yidodombera abakozi ba Leta basaba imishahara ngo kandi nawe nyene ahembwa amahera atomutunga.
▪️Yidodombera Uburundi bugoye gutwara kurusha Ubuyahudi, yidodombera ngo abamujanye muri politike ngo yobaye atunze iyo aja kurima, yidodombera ngo abamugize umukuru w'igihugu ariko agapfunga - akanyuruza - akica - akangaza abakeneye guhiganwa nawe.
Ariko ahejeje kwidondombera abo bose, Prezida Ndayishimiye aca abwira Abarundi ko kizira KWIDODOMBA !
🔴 Akabazo kwa Chris Ndikumana
1. Mbega iyo abanyagihugu bibukije umutegetsi ivyo ajejwe baba bakoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
2. Uwubajije Leta impamvu itakoze ivyo yiyemeje, mbega aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
3. Uwubajije impamvu abanyagihugu bagura imbere umwavu wa FOMI hanyuma hageze irima ntibawuronke, mbega aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
4. Uwubajije impamvu abarimyi bashoye ibigori vyabo muri ANAGESSA none hageze ko bashora ivy'umwaka ukurikira batarahembwa ayambere, mbega aba akoze koze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
5. Mbega umunyagihugu abajije impamvu abatwara bonona canke biba amafaranga y'igihugu aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
6. Umunyagihugu abajije iyo iperereza ryashize uwiwe ryanyuruje aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
7. Uwiyamirije ubusuma butunganywa n'intwaro mu matora aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
8. Uwubajije impamvu intwaro ipfungira abantu ubusa aba akoze ikosa ryo KWIDODOMBA ?
Gusaba uwutwara ko akora ivyo ajejwe vyoba bigereranywa no KWIDODOMBA canke umunyagihugu aba akoze ico ajejwe ?
🔴 Ndazi ko bitoroshe gutanga inyishu y'iki kibazo mu makoraniro y'ibikorwa vy'Imana. Kuko uwuzotanga ivyo abategetsi badashaka kwumva azokwitwa ko agwanije intwaro. Uwuzovyishura nawe mu ntumbero yo kuryohera abategetsi gusa azohava asanga ariko araroga igihugu. Ariko birakenewe ko abategetsi batahura ko ingendo yo kwishira mu kibanza c'Imana atariyo. Ingendo yo guhindukiza inyigisho zo mw'isengero canke mu vy'Imana bakazikoresha mu guhuvya Igihugu si nziza na gatoya.
Mukozi w'Imana niwaronka uko wishura kano kabazo kanje uzoba ukoze. Niwabona atari igihe ciza co kukavugako, urirekera. Nkwipfurije kuroranirwa mu mabanga atoroshe watoranye. Ubandanye kubera umugisha igihugu. Muzogire igikorane ciza ku wa 18.7.2026."