#Burundi Ku magenekerezo ya 24 na 25 Ndamukiza 2026, mu ntara ya
@Gitega, Umugambwe
@CnddFdd waratunganije inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe ku civugo: « Bagumyabanga, twirimbure, turangure neza amabanga tujejwe, twongereze umuvuduko mu vyo dukora, ntitudindize urugamba rw’iterambere ». .
Mw’ijambo ry’ikaze, Nyeniteka
@R_Ndikuriyo, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, yaramenyesheje abagumyabanga ko iyo nama ije inyuma y’imyaka ibiri hariko harashirwa mu ngiro ingingo nyamukuru zapfunditswe n’Inama ya Komite Nkuru yabereye i Ngozi, ku wa 22 na 23 ndamukiza 2024.
Yamenyesheje ko ari igikorwa co kwisuzuma no kwirimbura ata gukikiriza, kugira ngo vy’ukuri nk’indongozi tumenye ico dukosora ku gahaze, kugira dushike kw’ihangiro bidatevye.
Mu gihe inama ibaye hasigaye umwaka umwe ngo habe amatora y’Umukuru w’Igihugu, Umunyamabanga Mukuru yarasavye abagumyabanga kugwiza umurindi mu bijanye no gushira mu ngiro imigambi yashizwe imbere aho umugambwe CNDD-FDD wiyamamaza mu matora ya 2020. Yagiriyeko ahimiriza abagumyabanga kwuzuzanya, guhinduka mu vyiyumviro mu gutsinda ubunebwe n’ingeso yo gukwega amaguru mu rugamba rw’iterambere.
Mw’ijambo ryiwe ryo gutanga intumbero, Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE, Umukuru w’Igihugu akaba n’Umukuru w’Inama nkuru y’inararibonye, yakeje abagumyabanga kuko bigaragara ko bari ku murindi mwiza w’iterambere.
Yibukije abagumyabanga ko bokwama bazirikana ururirimbo ndangabuhizi rw’umugambwe, kugira ngo bame basuzuma ivyo biyemeje n’ivyo bamye baharanira. Yarashimye ko demokarasi yamaze gushinga imizi mu
#Burundi, kuko abenegihugu bishingiye uburongozi bubaharanira, bugengwa n’amategeko kandi bwitwararitse ineza ya bose.
Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yaboneyeho akaryo ko gukebura indongozi zimwe zimwe zidindiza urugendo, abasaba guhindura ingendo kuko ubu batazokwihanganirwa. Abagumyabanga basabwa kurema itunga, gusangira umutima n’inama, gukunda igihugu, kwiyubaka kugira bashobore kwubaka igihugu, kuko igihugu kigizwe n’abantu.