#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶, 𝗟𝗲 𝟬𝟱/𝟬𝟲/𝟮𝟬𝟮𝟲
𝗨𝗿𝘂𝗽𝗳𝘂 𝗿𝘂𝗯𝗮𝗯𝗮𝗷𝗲 𝗿𝘄𝗮 𝗠𝗨𝗡𝗘𝗭𝗘𝗥𝗢 𝗔𝗹𝗶𝗻𝗲. 𝗔𝗯𝗮𝗻𝘆𝗮𝗴𝗶𝗵𝘂𝗴𝘂 𝗯𝗮𝗿𝗮𝘀𝗮𝗯𝗮 𝘂𝗯𝘂𝘁𝘂𝗻𝗴𝗮𝗻𝗲.
MUNEZERO Aline aherutse kugandagurwa n'umugabo wiwe. Abanyagihugu biyamiriza amanyanga ariko akorwa kugira uwakoze iryo bara ntahanwe.
🔶 𝗨𝗺𝘄𝗶𝗱𝗼𝗻𝗱𝗼𝗿𝗼 𝘄'𝘂𝗺𝘂𝗵𝗶𝘀𝗶.
MUNEZERO Aline yavutse mu mwaka wa 1996 ku mutumba Mushonge, Commune Nyamurenza, intara ya Ngozi, mu ndinganizo ya kera (ubu ni commune Kiremba, intara ya Butanyerera). Mu mwaka wa 2021 ni ho yubakana na NIYINITANGA Gabriel (yasubijwe mu buzima busanzwe kuko yahoze mu muhari CNDD-FDD ukiri mw'ishamba).
Kuva ico gihe rero bubakanye, Aline na Gabriel baciye baguma baba ku mutumba wa Rurama, Commune Nyamurenza. Gushika uno musi bari bafitaniye abana babiri, ariko urugo rwabo rwari rusanzwe rurimwo imishwano myinshi, nkuko biva mu makuru y'ababanyi babo akemezwa n'imiryango yabo.
🔶 𝗜𝗻𝘁𝗮𝗻𝗱𝗮𝗿𝗼 𝘆'𝘂𝗿𝘂𝗽𝗳𝘂 𝗿𝘄𝗮 𝗠𝗨𝗡𝗘𝗭𝗘𝗥𝗢 𝗔𝗹𝗶𝗻𝗲.
Uwo se rugo NIYIBITANGA Gabriel asanzwe adandaza igitoro mu buryo bwa magendo. Uwo mukenyezi wiwe MUNEZERO Aline ni we yakidandaza (yabikwirikirana aho baba, yongera abika amafranga). Mu misi iheze, vyarashitse Aline arabura (canke arahomba) amafranga ashika ibihumbi cumi, 10 000 Fbu mu mafranga yategerezwa kuva mur'ico gitoro. Aho ni ho havuye intandaro y'urupfu rwiwe.
Kw'igenekerezo rya 30/05/2026 ni ho uwo mugabo Gabriel yagabisha umukenyezi wiwe Aline, amubwira ko hamwe yokwihenda agataha atarakwiza ayo mafranga y'ico gitoro aca amwica. Ivyo yabivugiye aho akunda guteramira.
Aline amaze kuvyumva yoba yarabwiye ab'iwabo harimwo ababanyi ati: << uno musi ndagowe, ambwiye ko aza kunyica asanze ntafise ayo mafranga. Uno musi nza kurara nambaye kugira atanguye kunkubita nce niruka kuko murazi ko iyo atanguye kunkubita ntoroherwa >>.
Mw'ijoro ryo kur'uwo musi, NIYIBITANGA Gabriel yaratashe mu rugo nk'igihe c'isaha zitanu, 23h; afise inzoga mw'icupa. Yoba yashitse akubita cane wa mukenyezi wiwe Aline, aca girwako amwica kuko bukeye bw'aho ababanyi basanze ikiziga ca Aline kiryamye mu cumba bararamwo, cavuye amaraso mu mazuru, kiryamye ku gitanga kidasashe (igitanda cariko imatera yonyene). Ababanyi bemeza ko bumvise induru mur'iryo joro ariko yamaze akanya gato, baca babifata ibisanzwe kuko bari bamenyeye Gabriel akubita Aline, ariko mur'ako kanya ntibigeze bamenya ko Aline ahejeje gusezera isi y'abazima. Tunamenyeshe ko ikiziga c'uwo muhisi Aline caciye gihambwa gihutihuti bukeye bwaho.
Abo banyagihugu rero bamaze kubona ikiziga c'uwo muhisi, baratabaje mu ntwaro, ariko NIYIBITANGA Gabriel yoba yaciye atanga igiturire ku batware baho harimwo chef de zone kugira ntahagarikwe. Mu nyuma hoba yaharabonetse inguvu zindi, Gabriel arahagarikwa kw'igenekerezo rya 02/06/2026, aca atwarwa gupfungirwa mu gasho ka Nyamurenza (ahahoze commune ya kera ya Nyamurenza), ari naho apfungiwe gushika uno musi.
Ariko naho NIYIBITANGA Gabriel apfunzwe, amakuru ava mu banyagihugu yemeza ko hariko hakorwa amanyanga menshi kugira ace arekurwa yitahire aterengutse imbere y'ubutungane ari yo mpamvu abanyagihugu batera akamo ko gutabaza mugusaba ko atorekurwa; nyabuna arengutswe imbere y'ubutungane kugira abazwe kur'urwo rupfu rwa MUNEZERO Aline, ubona ko n'igihe yamugabisha ko aza kumwica yabivugiye imbere y'abanyagihugu.
Turahojeje umuryango wabuze, Imana yakire uwayo MUNEZERO Aline.
Organisation King Umurundi Freedom
@GeneralNeva,
@NtareHouse,
@MiniJusticeBdi,
@CNIDH_Bdi