#Mbariza : Uyu munyagihugu abaza Président Ndayishimiye ikintu kimwe gusa yokwirata umuntu yofatirako kugira amuhe uburenganzira bwo kuyobora uburundi iyindi myaka indwi ? Agira ati :
"Ndakuramukije mwubahwa mushingantahe Pacifique Nininahazwe.Ntanguye gushima vy'imvamutima ukuntu witanga utiziganya mugushikana kure akamo k' abakwitura ngo ubashikanire ijwi kure kuko bamwe bamaze kwakwa ijambo abandi batagikurako umunwa kugutinya kugirirwa nabi.Jewe ndakurikiranira hafi cane amakuru mudusangiza.Ndanabashimiye kandi kuri uyu wundi muhora mwuduhaye mwitiriye
#Mbariza.
Bimwe muvyo gukenguruka:
1.Mwaritanze cane mushira ahabona amagorwa y'aba polisi,akamo kanyu karumviswe. Baherutse kubaha agashambara gashasha nubwo bo bativugiye ngo bashime.
2.Intahe z'abasirikare bagurishijwe muri Congo hari icahindutse gato kuko bari bafashwe kuko mubishize ahabona ubusuma bw'imfungurwa bagenewe bwaragabanutse.
Amazina yanje nitwa XXXXX,ndi mugisagara ca Bujumbura ariko mugutanga ubu butumwa izina uraryihoza urazi ko turi mubimwenyi sivyo uyobewe mwarabanye urabazi ko niyo musavye ubuhungiro,hagukora icabajanye birirwa babacunze.
Nashaka mumbarize umukuru w igihugu Général Major Évariste Ndayishimiye utu tubazo:
Nyen'icubahiro mukuru w igihugu c' uBurundi,duherutse kubona kumbuga ngurukanabumenyi aho mwavuze ko mu Burundi ata Leta ihari. None ga nyen'icubahiro,ko mumvugo yanyu mutubwirako ko mwatowe ijana kw ijana(100%),mwoba mwatorewe kuba umukozi wa Leta canke kuba umukuru w igihugu?
Wawundi ati:"Amagorwa ntasiga ayandi."
Mumyaka 6 mumaze mu mabanga, ubu mukaba muriko mwerekeza ku musozo w'ikiringo ca mbere,mu mutima wanyu,mu rumvako mu yindi myaka indwi hari ico twobitegako kandi mutabona nico muhabereye?
Nyen'icubahiro mukuru w'igihugu,kuba umurongozi si ukwicara mu ntebe ngo baguhe imiriyoni 3 kumusi wimerererwe neza n'abawe gusa hanyuma ngo murindire ko ukwezi guhera muhembwe.Kuba umurongozi ni umutwaro uremereye cane.Aho ugira uti:"Ndagowe birananiye,none nzovuga iki?Nzoja he? Oya nukuri heba mugirire impuhwe igihugu cogorore gitere imbere kireke gusubira inyuma nko muri ya myaka y'ubukoroni aho bari banezwe inyungu zabo gusa .
Nyen'icubahiro,raba namwe amagorwa abarundi baruhiye hejuru kukubura ivyankenerwa:
1.Igitoro ntitugira namba,
2.Ntamabarabara;
3.Ntamuyagankuba;
4.Ifaranga ry'uburundi ryarataye agaciro ku rugero rurenze;
5.Imiti mu mavuriro ntayo;
6.Ubushomeri mu rwaruka burarenze,
7.Ubutungane bw'ukuri ntibukibaho.
Nyen'icubahiro mukuru w'igihugu c'uburundi,vuba cane muratujana mu nkinamico ngo ni Amatora,mugihe c'imyiyamamazo, tudahendanye ngo muducemwo nkuko arivyo tumenyeye,mubona mwokwirata iki c'ukuri gifashe umuntu yofatirako ati nimubandanye kutuja imbere?Burya uwuri mukibuga siwe akurikirana neza urukino,ahubwo ni umurorerezi.
Mukuru w'igihugu,igihambaye si ukwumira kubutegetsi kandi ibintu biriko birayangara ahubwo iteka rirashobora no kuva ku ngingo y'umutima wa muntu mu kwirimbura hanyuma agashira ineza ya benshi imbere.Iteka ry'umuntu ntiriri mubo yakomerekeje,ahubwo mubo yakomeje.Murakoze ivyo bibazo mwovyiyumvirako neza ngira abarundi n' uburundi boronka agahengwe."
.........................
🔴Menya neza : Umurongo
#Mbariza n'uburyo bushasha Focode ihaye abanyagihugu badafise aho bavugira kugira bashobore kubaza abategetsi babijejwe ibibazo bibabakiye bakoresheje ubutumwa bugufi .
#FocodeAmplificateur de la
#VoixCitoyenne.
Musomyi iki kibazo nawe hari ico woba ikiziko ? Dusangize intahe yawe muri komanteri .
🔴Mushobora kuduha ibibazo vyanyu muciye mu buryo bwa whatsap : 32 465 730 224 .
@GeneralNeva ,
@NtareHouse ,
@KwaNtare ,
@BurundiGov ,
@nshingamateka ,
@Burundi_senat