Imaginez, un instant, Mwezi Gisabo ou Ntare Rushatsi (aterana imikomo) se mettre à insulter publiquement un de ses sujets. Quelle indignité!
🔴 Ndirakobuca, Pacifique Nininahazwe, Faustin Ndikumana....
Ndayishimiye ntacihanganira uwuvuga ko hari ibitagenda neza mu ntwaro yiwe.
Mw'ijambo Prezida Ndayishimiye yavugiye hirya y'ejo (05.11.2025) muri komine Matongo, Prezida Ndayishimiye yararakariye bidasanzwe abantu babandanya kwerekana ibitagenda neza, abagiriza ko berekana ko yananiwe gutwara.
Ndayishimiye avuga ko ata muntu n'umwe akigwaye kwashi mu Burundi. Hano vyumvikana ko agerageza kuvuguruza umukuru w'Inama Nkenguzamateka aherutse gutangaza ko abana b'abahutu badakura kubera gufungura nabi. Ikigo ca Leta kijejwe Statistiques naco cemeza ko abana barenga 55% bataronswa imfungurwa zikwiye, mbere ko n'ubwenge bwabo butazokura neza.
Prezida Ndayishimiye yaragarutse kubo yita "ba Pacifique" babandanya kwereka abanyagihugu ko hari ivyo babuze, yavuze ko abo basigaye ari abana b'abanyamahanga...
Umuntu yari yahagurukiye bidasanzwe uwo musi ni Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ibintu yamuvuzeko ni agahomerabunwa. Biragoye kwumva ko uwakoresheje amajambo araho ari umukuru w'igihugu. Hano turabaha agace gatoya, ariko vuba tuzobasangiza amajambo yose Prezida Ndayishimiye yavuze kuri Faustin Ndikumana. Ni akamaramaza. Icumvikanye nuko Ndayishimiye yababajwe rwose n'ikiganiro Faustin Ndikumana aherutse gukora, na canecane mu duce Ndayishimiye yiyumvisemwo umengo aramuvuze : abiyita abarimyi ba mbere kandi bakoresha uburyo bw'igihugu, ibinyoma bijanye n'ishorwa ry'ubutare n'ibindi. Ndayishimiye yahavuye yagiriza Ndikumana ko ari mu badurumbanije igihugu muri 2015, ko akorera abakoroni, anagera ku rugero rwo kumwinjirira mu buzima bwiwe bwite (vie privée).
Ariko igitangaje nuko ibibazo Faustin Ndikumana avuga bihuye rwose n'ivyo Gervais Ndirakobuca avuga, nkuko muza kuvyumva mu mpera y'aka kareresi twabateguriye. Bose barerekana impinduka Leta ivuga ariko zitaja mu ngiro : akarorero ni ico bita "budget programme". Ku bw'umukuru w'Inama Nkenguzamateka, ntaho turiko turaja izo mpinduka zidakozwe.
🔴 Umukuru w'igihugu yafashwe n'ibiki ? Iri shavu ridasanzwe muri ino misi riva kuki ? Abahanuzi biwe bariko bakora iki ? Ageze aho iyo ariko aravuga, ubona ko n'abagendanyi biwe babuze uko bifata.