๐ด
#Igitoro : ububeshi bwa Nestor Ntahontuye !
Mu kiganiro umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yakoresheje hirya y'ejo ku wa 11 ruheshi 2026 ku bamenyeshamakuru n'abanyagihugu, yavuze ko igitoro gikenye kubera ingwano iri hagati ya Amerika, Irani na Israรซl. Iyindi mvo ngo nuko twebwe nyene tutacimbura mu Burundi.
Yamara ingwano yo muri Irani imaze amezi atatu mu gihe igitoro kimaze imyaka itandatu kibuze mu Burundi. Prezida Ndayishimiye yavuze ko acifatiye mu minwe muri myandagaro 2022, n'ivyahuha bica birahuhuka.
Muri ndamukiza 2024, imbere y'Inama Nshingamateka, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca we yari yavuze ko ikena ry'igitoro ari ingaruka z'ibihano Uburundi bwafatiwe muri 2015.
Muri mukakaro 2022, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yavuga ko ikena ry'igitoro ari ingaruka z'intambara ya Ukraine, mbere yanasaba Abarundi kumenyera gucumbagira (nkeka yavuga kugenda n'amaguru) kuko yabona ko ata muti Leta y'Uburundi yari yimirije gutora.
๐ด Akabazo kuri Nestor Ntahontuye : nimba ikena ry'igitoro rihagaze ku kuba tutacimbura mu Burundi, mbega imyaka kitigeze kibura ico gihe twaracimbura ?
Mu bindi bihugu vy'akarere (RDC, Rwanda, Ouganda, Tanzania) ko kitabura gipfuma kiduga, mbega nabo baracimbura ?
Abategetsi ntibakwiye kwama bafata Abarundi nk'ibijuju. Hari amamiliyoni y'amadorari amaze igihe asohoka buri ndwi muri BRB ngo agiye kuzana igitoro. Ico gitoro ntikiza. Amasoko yacu avuga ko buri ndwi hasohoka hagati ya miliyoni 20 na 25 y'amadorari. None ayo mafaranga ariko ajanwa hehe ?
------------------
Nestor Ntahontuye avuga ko banka ko iritiro imwe igurwa 7.000 Fbu. Ariko abandi bamwishura bati : ko ikibuni tukigura 30.000 Fbu, ntitwopfuma tugura iritiro 7000 Fbu ariko ikaboneka ?