Nyakwubahwa Ambassadeur
@willynyamitwe ,
Ntanguye kubaramutsa ndabipfuriza amahoro y’ Imana
Ejobundi, umugore wa President Kagame yumvikanye ahamagarira urwaruka rw’ inkotanyi rukorera ku mbuga ngurukanabumenyi canecane X na TikTok gukora ibitero vyibasira igihugu cacu , kandi vyarashizwe mu ngiro Aho kugeza ubu urwaruka rw’ inkotanyi rurenga 200 rwahawe ako kazi rukanabihemberwa ayarenga 500 Frwa ku kwezi umwumwe. Urwo rwaruka ntakindi rujejwe atari ugutyoza u Burundi na Congo, kwambika ibara indongozi zacu no kubiba amacakubiri mu barundi
Ntangazwa cane n’ ingene hano iwacu i Burundi hariho bamwe bubategetsi bataramenya akamaro k’ imbuga ngurukanabumenyi.
Jewe sindi hano nk’ uwatumwe n’ umugambwe, Ndi hano nk’ Umurundi akunda igihugu canje , ivyo nandika biri Personnel kandi ndavyemanga ntabwo ndavyandika kw’ izina ry’ umugambwe wacu
@CnddFdd
Igikorwa canje hano n’ ukubeshuza ibinyoma vy’ Inkotanyi bafadikanije n’ inyankaburundi bigamije gucafuza ishusho y’ u Burundi bwanyibarutse hamwe n’ ukurata ivyiza vy’ u Burundi
Jewe ubwanje ndakwubaha cane nk’ umwe mubagwaniye amahoro na Demokarasi, ndashima ibikorwa vy’ iteka murangurira igihugu cacu
Nyakwubahwa, Jewe ntamacakubiri y’ amoko mfise ahubwo ngerageza kunywanisha abarundi no kubahimiriza gukora kugira duteze imbere igihugu.
Sinzokwigera ndendebukirwa kuvugira igihugu canje kuko ni uburenganzira mpabwa n’ Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’ u Burundi jewe n’ Abandi Barundi twitoreye.
Ndangije nkusaba nyakubahwa ambassador gutahura ko imbuga ngurukanabumenyi Ari ikigwanisho gikomeye abansi b’ u Burundi harimwo
@NgogaFred bariko barakoresha mukubiba urwanko mu barundi kandi natwe dutegerezwa kurwanya ivyo vyiyumviro vy’ amacakubiri dukoresheje imbuga ngurukanabumenyi
Nshimira bamwe mubategetsi bacu beza batahura ibikorwa dukora
Ndangije mbipfuriza amahoro y’ Imana Nyakwubahwa ambassadeur, ariko nimba haraho nanditse nabi muntunge mumburane Nyakwubahwa
Murakoze 🙏
Yari umwana w’ igihugu
@Patriote257