🔴😍 𝗔𝗕𝗔𝗡𝗬𝗔𝗥𝗨𝗠𝗢𝗡𝗚𝗘 𝗕𝗔𝗚𝗜𝗬𝗘 𝗞𝗨𝗥𝗢𝗡𝗞𝗔 𝗔𝗬𝗔𝗡𝗗𝗜 𝗠𝗔𝗭𝗜 𝗠𝗘𝗡𝗦𝗛𝗜 𝗠𝗘𝗭𝗔 𝗬𝗢 𝗚𝗨𝗞𝗢𝗥𝗘𝗦𝗛𝗔 💦 👏
====================
Inyuma y’igihe kirekire havurwa ubukene bw’amazi meza mu gisagara ca Rumonge, Reta y’Uburundi ibicishije mu mugambi
#PROSECEAU, uhagarikiwe na
@Regideso_bdi, igiye guha amazi meza abanyagisagara ca
@CommuneRumonge
📌Uwo mugambi ukaba utunganijwe nk’uko ishirahamwe REGIDESO ryabikoze mu gisagara ca Bujumbura : Ni amazi azoduzwa avuye mu kiyaga TANGANYIKA, agahingurwa neza ku rugero rwa kijambere, kugirango ashobore gukwiragizwa mu gice kinini kigize ico gisagara.
🔹 Muri kino gihe hakaba hariko hubakwa ihinguriro rikwega ayo mazi, rikayahingura, hamwe rero n’ibigega binini bizokwakira ayo mazi imbere y’uko bayakwiragira mu mihana.
📍Igihe Umuyobozi Mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, Dr Lt. Col. Jean Albert MANIGOMBA, aheruka kugendera uwo mugambi, yasanze ibikorwa bigeze ku rugero rushimishije.
📌 Amatiyo be n’ibindi vya nkenerwa vyose vyaramaze kuboneka, no gushikanwa mu kibanza bizokoresherezwamwo.
➡️ Bikaba bitegekwanijwe ko ivyo bikorwa bizorangira mu kwezi kwa Munyonyo, uyu mwaka nyene turimwo wa 2026.
AbanyaRumonge bari hano, uyu mugambi muwakiriye gute ?
#lesbeautesdecheznous #akezanet #amazi #Burundi